Uko wahagera

Perezida Maduro wa Venezuwela Yishimira Itorwa rya Donald Trump


Perezida Nicolas Maduro wa Venezuwela
Perezida Nicolas Maduro wa Venezuwela

Nicolas Maduro Perezida wa Venezuwela w’umusocialiste (n’ukuvuga aharanira inyungu z’abanyagihugu bato bato) avuga ko yizera kw’ imigenderanire hagati y’igihugu ciwe n’Amerika igiye kuzoba myiza ku ntwaro y’uwuheruka gutsinda amatora, Donald Trump.

Yamara, igihe yariko ariyamamaza mu kwezi kw’indwi, Trump yari yavuze ko uwo bahiganwa mu kibanza c’umukuru w’igihugu Hillary Clinton atsinze amatora, Amerika yohava iba nka Venezuwela.

Ejo kuwa mungu muri “In Contact with Maduro” ikiganiro agira buri ndwi, perezida wa Venezuwela yavuze ko igihugu ciwe kizogirana imigenderanire myiza na reta zunze ubumwe z’Amerika, naho mu mwaka uheze yari yise uwu mugwizatunga yatsinze amatora “umukozi w’ikibi w’umusuma”

Kuva ashitse k’ubutegetsi mu mwaka w’2013 asubiriye perezida Hugo Chavez, Maduro yamye akoresha amajambo akomeye atuka perezida Obama n’uwo yasubiriye George W. Bush.

Yabagiriza kuba baragize uruhara mu ruhagarara rwabaye mu rwego rw’ubutunzi bw’ ibihugu bigize ishirahamwe OPEC (bigurisha ibitoro hanze y’igihugu), ivyo bikanatuma umutekano muri Venezuwela uhakwa guhungabana.

XS
SM
MD
LG