Uko wahagera

Amatora y’Abatware ku Mitumba muri Mali Yarahavuye Araba


Abanyagihugu kubiro vy'Amatora k'umurwa mukuru Bamako wa Mali

Abanyagihugu kubiro vy'Amatora k'umurwa mukuru Bamako wa Mali

Ku musi wa mungu, igihugu ca Mali caratunganije amatora y’abarongoye imitumba yari amaze igihe kitari gito aguma yunguruzwa.

Yamara ayo matora yarasibijwe mu bice bitandukanye, kubera imvo z’umutekano kandi kubera umwe mubakandida mu matora yanyurujwe.

Abagwanyi b’intambara ntagatifu ya Jihad baramaze gukwiragira mu ntara zitandukanye z;igihugu, ivyo navyo nyene bikaba ari mubibangamira umutekano.

Perezida wa Mali Ibrahim Boubacar mugihe yariko aratora yavuze ati: “Aya matora amaze kwunguruzwa incuro zine”.Ati “Birahagije!”

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU Ban Ki-moon asaba ko amatora aba mu mu mahoro, ati “ibihe vya politike n’umutekano vyifashe neza.”

Igihugu ca Mali gifise ikibazo co gushira mungiro amasezerano y’amahoro, kikaba kandi muri iki gihe kiriko kiragwanya imigwi y’abagwanyi ba Jihad mu buraruko bw’igihugu.

Erekana ibyavuzweho

XS
SM
MD
LG