Uko wahagera

Mu Buhindi Gariyamoshi Yishe Abarenga Ijana


Abajejwe gutabara impanuka, mu kibanza c'ahabereye impanuka ya gariyamoshi

Abajejwe gutabara impanuka, mu kibanza c'ahabereye impanuka ya gariyamoshi

Mu buraruko bw’Igihugu c’Ubuhindi, igariyamoshi yahushije inzira ica yica abantu bashika kw'Ijana na bane, abandi bashika kw’ijana barakomereka. Iyo mpanuka yabaye mu gitondo co kur’uyu w’Imana hafi y’igisagara ca Kanpur muri Reta ya Uttar Pradesh.

Imiduga yo gutabara itari mike yarungitswe mur’ico kibanza, aho abatari bake bariko barondera ababo.

Pratab Rai, yahoze arongoye igisata co kwunguruza abantu mu magariyamoshi yabwiye ikinyamakuru Reuters ko bariko barakora ibishoboka vyose kugira batabare abaguye mur’iyo mpanuka, yamara ko ico gikorwa kitoroshe.

Igihugu c’Ubuhindi kiri mu bihugu bikoresha inzira za gariyamoshi cane, yamara ntizifashwe neza kubera ubukene bw’amafaranga, ibituma haba impanuka nyinshi, zihitana abantu.

Erekana ibyavuzweho

XS
SM
MD
LG