Uko wahagera

Misiri Yaciriye Umunyororo Abamenyeshamakuru


Umumenyeshamakuru Yehia Kalash, arongoye Ishirahamwe ry'abamenyeshamakuru muri Misiri

Umumenyeshamakuru Yehia Kalash, arongoye Ishirahamwe ry'abamenyeshamakuru muri Misiri

Igihugu ca Misiri caciriye umunyororo w’imyaka ibiri umukuru w’Ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru, Yehia Kalash, hamwe na babiri mu banywanyi b’iryo Shirahamwe.

Kalash na bagenzi we barewa n’igipolisi ku bijanye n’abamenyeshamakuru babiri biyamirije, mu ntango z’uyu mwaka, ingingo ya Prezida Abdel-Fattah el-Sissi, yo kugaba amazinga abiri akomeye ya Misiri ari ku kiyaga gitukura, iyaha Igihugu ca Arabiya Sawudite.

Ishirahamwe ry’Ubumwe bw’Ibihugu vya Buraya rimenyesha ko iryo pfungwa ry’abamenyeshamakuru ribangamira ubwigenge bwo gushikiriza ivyiyumviro no kumenyeshamakuru aho muri Misiri.

Reta ya Misiri imenyesha ko ayo mazinga yamye yegukuye Arabiya Sawudite muri kahise. Ababikurikirana bavuga ko Arabiya Sawudite itegekanya kwubaka ikiraro kur’ayo mazinga, gihuza ubutaka bwayo na Misiri.

Erekana ibyavuzweho

XS
SM
MD
LG