Uko wahagera

Abimukira 4,636 Baramaze Gupfira muri Mediterane Uyu Mwaka


Ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku mpunzi n’abimukira OIM ritangaza ko abimukira bashika 365 babuzwe irengero ryabo kandi ko boba barapfuye mu bihe bishika bitandatu mw’ibahari meditarane mu misi itatu irangiye.

OIM itangaza ko ivyo bica bituma igitigiri c’abimukira bamaze gupfira muri mediterane uyu mwaka gishika ku 4,636.

Umuvugizi w’ishirahamwe OIM, Leonard Doyle avyita ko ar’agahomerabunwa.

Amenyesha ko abimukira bariko bapfa kubwinshi kuko bafata ingendo zitoroshe mu biyaga kandi ibirere bitaba vyifashe neza.

Abagira ibakwe bakarokoka bashikiriza ko ababafasha mur’izo ngendo babagobera kwinjira ku nguvu mu bwato budakomeye bigatuma bazama mu mazi kenshi.

Erekana ibyavuzweho

XS
SM
MD
LG