Uko wahagera

Trump Yagenye Pompeo, Flynn na Sessions Mu Bibanza Bikomeye


Kuva mu Bubamfu uja mu Buryo: Mike Pompeo, Flynn na Jeff Sessions.

Kuva mu Bubamfu uja mu Buryo: Mike Pompeo, Flynn na Jeff Sessions.

Donald Trump aherutse gutahukana umwanya w’umukuru w’igihugu muri Reta zunze ubumwe z’Amerika arabandanya kugena abazomufasha mu mabanga yo kurongora igihugu.

Kur’uyu wa gatanu yatangaje ko yagenye senateri Jeff Sessions aserukira reta ya Alabama mu nama nkenguzamateka mu mwanya w’umushikirizamanza mukuru w’Amerika.

Sessions ni somambike wa Trump kandi yaramushigikiye mubihe vy’imyiyamamazo. Yarerekanye akatari gake aho ahagaze kubibazo vy’abimukira aho Trump yashimishijwe n’ivyiyumviro vyiwe.

Uwundi ni Mike Pompeo umushingamateka aserukira reta ya Kansas yahawe umwanya wo kurongora ikigo kijejwe igendereza muri Amerika, CIA.

Nayo umusirikare yakukurutse w’ipete rya Liyetena jenerale Mike Flynn, yagenwe kuba umuhanuzi mubijanye n’umutekano mugihugu.

Flynn yemereye Trump ko azomufasha guhasha umuhari wa reta ya Kiyisilamu ukora iterabwoba kw’isi.

Erekana ibyavuzweho

XS
SM
MD
LG