Uko wahagera

Abanyesomaliya Ibihumbi 18 Baratahutse bava Muri Kenya


Abakozi bafasha impunzi ziteguye gusubira muri Somaliya
Abakozi bafasha impunzi ziteguye gusubira muri Somaliya

Amakuru atangwa n’igisata ca ONU cita ku mpunzi kw’isi, HCR amenyesha ko abanyesomaliya bashika ku bihumbi 18 bamaze guhunguka bava mu nkambi ya Dadaab iri muri Kenya basubira mu gisagara ca Kismayo co muri Somaliya kiri hafi y’ikivuko.

Ariko HCR ivuga ko benshi batoroherwa n’ubuzima bushasha baba bashikiyemwo ugereranije n’uko bari babayeho imbere yuko bahunga.

HCR itangaza ko izo mpunzi z’abanyesomaliya zatanguye gutahuka mu mwaka uheze wa 2015 kuv’aho reta ya Kenya itangarije ko igiye kuzokwugara iyo nkambi ya Dadaab yar’ihaye indaro impunzi zirenga ibihumbi 300.

Mur’iyi ndwi tugira turangize reta ya Kenya yatangaje ko yigije inyuma iyugarwa ry’iyo nkambi amezi indwi kugira barabe ko haba agahengwe muri Somaliya imbere yuko ibatahura.

XS
SM
MD
LG