Uko wahagera

Siriya: Ibitero Bikomeye vya Reta Biriko Biraba mu Gisagara ca Aleppo


Ibisigarira vyinyubakwa zasambuwe n'amabombe muri Siriya

Ibisigarira vyinyubakwa zasambuwe n'amabombe muri Siriya

Reta y’igihugu ca Siriya ikoresheje ndege z’ingwano na vya muzinga, ifashijwe n’Uburusiya yongereje ibitero vyayo mu bice biri mu minwe y’abarwanya ubutegetsi, mu gisagara ca Aleppo, uno musi ku wa gatanu. Ivyo bitero vyahitanye abantu batari bake.

Wari umusi ugira kane, indege z’ingwano za Reta zisubiye kugira ibitero mu bice vy’igisagara ca Aleppo, biri mu minwe y’abarwanya ubutegetsi. Ivyo kuva Uburusiya butangaje ku musi wa kabiri ko buhagaritse agahenwe k’ukwezi kugira birekurire mfashanyo gushikira abanyagihugu bafatiwe muri ico gisagara.

Abasivile 65 bishwe kuva ibitero bisubiye kubandanya. Ivyo bitangazwa n’ishirahamwe riharanira agateka ka muntu, mu gihugu ca Siriya, rifise icicaro i Londres mu Bwongereza, Syrian Observatory for Human Rights.

Abarwanya ubutegetsi barashe rokete zitari nke mu bice biri mu miwe ya Reta, mu gisagara ca Aleppo.

Ibitero vya Reta vyo muri iyi ndwi, mu bice vy’igisagara ca Aleppo, biri mu minwe y’abarwanya Reta, vyatanguye igihe Uburusiya bwatangaza ko bugiye kugira ibitero mu ntara ya Idlib kiri mu minwe y’abarwanya ubutegetsi, mu buraruko bwa Siriya, no mu ntara ya Homs, iri mu gice co hagati mu gihugu.

Igisagara ca Idlib, cigeze kuba gikomeye mu vyerekeye ubudandaji n’amahinguriro, carasinzikajwe bikomeye n’ingwano kuva mu mwaka w’i 2012, igihe abarwanya ubutegetsi bigarurira ibice vyo mu buseruko bw’ico gisagara.

Erekana ibyavuzweho

XS
SM
MD
LG