Uko wahagera

USA: Donald Trump Yagenye Umuyobozi wa CIA.


Prezida aherutse kuva mu matora muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump, avurwako yahisemwo Senateri Jeff Sessions, kuba umushikiranganji ajejwe ubutungane.

Yagenye n’abandi mu bibanza bikomeye muri Reta yiwe.

Senateri Jeff Sessions
Senateri Jeff Sessions

Umurwi ujejwe gutegura Reta yiwe nturemeza inkuru yerekeye guhitamwo Sessions, kuba umushikiranganji ajejwe ubutungane. Yamara amakuru atari make asubiramwo abantu amazina yabo atatangajwe begereye igikorwa c’ uguhitamwo abazoja muri Reta ya Trump.

Jeff Sessions, yarashigikiye bikomeye yongera aba umuhanuzi akomeye wa Donald Trump, kuva mu ntango y’igikorwa ciwe c’ukwiyamamariza kuba prezida. Trump, avurwa kandi ko yagenye umushingamateka, Mike Pompeo, kuba umuyobozi w’ibiro bikuru bijejwe iperereza vya Amerika, CIA na Liyetena Jenerali Mike Flynn, kuba umuhanuzi mukuru ku bibazo vyerekeye umutekano w’igihugu.

Mike Pompeo
Mike Pompeo

Ntibizosaba ko Flynn yemezwa n’inama nshingamateka, mu bitandukanye na Jeff Sessions na Mike Pompeo.

XS
SM
MD
LG