Uko wahagera

Prezida Obama Yasavye Ubulaya Gukorana na Donald Trump


Perezida Barack Obama
Perezida Barack Obama

Barack Obama, agiye kurangiza amabanga yiwe ya prezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, yasezeye abategetsi b’ibihugu bicuditse na Amerika vyo mu karere k’Ubulayi. Ivyo abigize mu gihe arangije urugendo mu karere k’Ubulayi, mu mabanga yiwe ya prezida, aho yahumurije abo bategetsi ko Amerika zibandanya gushigikira ako karere. Yateye akamao ibihugu bicuditse na Amerika kuhangana n’Uburusiya.

Prezida Obama, yavuye mu gisagara ca Berlin, mu gihugu c’Ubudagi, uno musi ku wa gatanu ,inyuma y’urugendo rw’imisi ine mu karere k’Ubulayi yatanguriye mu gihugu c’Ubugiriki, aho yashimikiye ku kamaro k’urugamnba rw’ugukingira imico ya demokrasi. Yarangirije urugendo rwiwe mu karere k’Ubulayi, mu gihugu c’Ubudagi, gifise uruhara rukomeye cane muri ako karere.

Imbere yuko ava mu gisagara ca Berlin, prezida Obama, yabonanye n’abategetsi b’ibihugu vy’Ubwongereza, Ubufransa, Ubudagi, Ubutaliyano, na Espagne. Yasubiye guhumuriza abo bategetsi.

Prezida Obama, yashimiye bagenziwe bo mu karere k’Ubulayi kuba bakoreye hamwe. Yabasavye gukorana na Reta ya Donald Trump, ku mico ya demokrasi iranga Reta Zunze Ubumwe za Amerika n’akarere k’Ubulayi.

XS
SM
MD
LG