Uko wahagera

Nigeriya: Abihevyi Bahitanye Abantu 2


Nigeriya kw'ikarata
Nigeriya kw'ikarata

Abiyahuzi bafise amabombe bagize ibitero bitari bike, uno musi ku wa gatanu ,mu buraruko bushira ubuseruko bw’igihugu ca Nigeriya. Ivyo bitero vyahitanye bane muri abo bihevyi n’abarwanyi babiri b’abasivile.

Mu masaha ya kare yo mu gitondo co ku musi wa gatanu, igipolisi cahanganye n’abapfasoni babiri n’umugabo umwe bariko biruka batera baja kuri bariyere irabana na sentare nkuru y’igihugu mu gisagara ca Maiduguri. Ivyo bitangazwa n’umuvugizi w’igipolisi mu ntara ya Borno iri mu buraruko bushira ubuseruko bwa Nigeriya, Victor Isuku. Umupapfasoni umwe yaturikije bombe, arihitana n’uwundi mugabo umwe bari kumwe. Uwundi mupfasoni yararokotse. Muri iki gihe ariko arasambishwa.

Abategetsi batangaza kandi kw’abandi biyahuzi bari bafise amabombe biturikije, mu kibanza amabisi n’amatagisi ahagararamwo, ku ngengera z’igisagara ca Maiduguri. Abo bihevyi bariyishe bongera bahitana abarwanyi babiri b’abasivile.

Iki n’igitero kigira gatanu mu ndwi zitatu, mu gisagara ca Maiduguri, aho umurwi w’intagondwa w’Abayislamu, Boko Haram, watanguriye.

Uburaruko bwa Nigeriya bwarageramiwe n’umugumuko w’umurwi, Boko Haram, mu kiringo c’imyaka indwi.

XS
SM
MD
LG