Uko wahagera

Amakungu Yiyemeje Kurwanya Bikomeye ihindagurika ry'Ibihe


Prezida aherutse kuva mu matora muri Amerika, Donald Trump

Prezida aherutse kuva mu matora muri Amerika, Donald Trump

Abaserukira ibihugu bigera ku majana abiri bariko basaba amakungu kwiyemeza biboneka mu rugamba rw’ukurwanya ihindagurika ry’ibihe. Ivyo inyuma yuko prezida aherutse kuva mu matora, Donald Trump agabishije gufuta amasezerano y’i Paris agenewe kugabanya imyuka igeramira ibidukikije.

Abaserukiye abandi mu nama kw’ihindagurika ry’ibihe iriko ibera mu gisagara ca Marakech mu gihugu ca Maroc bavuze uno musi ku wa kane ko ubushuhe buriko bwiyongera ku rugero ruteye agahinda kw’isi. Batangaza kw’amakungu ategerezwa gufata ingingo adatevye.

Basaba ko amakungu ashimikira ku masoko ntanganguvu atageramira ibidukikije.

Ibiganiro vyo mu gisagara ca Marrakech bigenewe gushiraho ikirangamisi c’ugushira mu ngiro amasezerano y’i Paris kw’ihindagurika ry’ibihe.

Ayo masezerano yateweko igikumu mu kwezi kwa kane agenewe kugabanya imyuka igeramira ibidukikije.

Yamara kugira ayo masezerano yubahirizwe neza bisaba ugukorana hagati y’amakungu n’intererano ya bimwe mu bihugu bigeramira ibidukikije kurusha ibindi, harimwo Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Kuba Donald Trump yagumye avuga ko ukwiyongera kw’ubushuhe kw’isi ari ikinyona c’Abashinwa vyatumye abategetsi b’ibihugu vyvo kw’isi batari bake bagira impungenge ko azoshira mu ngiro ivyo yagabishije vy’ukuva mu masezerano y’i Paris.

Erekana ibyavuzweho

XS
SM
MD
LG