Uko wahagera

Amerika Isabira Ibihano Sudani y'Ubumanuko


Samantha Power aserukira Reta zunze ubumwe z'Amerika muri ONU

Samantha Power aserukira Reta zunze ubumwe z'Amerika muri ONU

Reta zunze ubumwe z’Amerika catangaje ko kigiye gusaba ishirahamwe mpuzamakungu ONU gufatira ibihano ku birwanisho ababangamiye amahoro muri Sudani y’Ubumanuko.

Ambasaderi aserukira Amerika muri ONU Samantha Power, yabwiye abagize inama ya ONU ijejwe umutekano ya ONU kur’uyu wa kane ko mu misi ir’imbere Amerika izoshikiriza integuro y’ivyo bihano.

Amenyesha kandi ko abategetsi babangamiye ishirwa mungiro ry’amasezerano y’amahoro bazofatirwa ibihano kugatwe kabo kandi ko iyo ngingo izofasha guhagarika ubwicanyi bukorerwa abasivile bukorwa na reta hamwe n’abatavugarumwe nayo.

Nayo intuma ya reta ya Sudani y’ubumanuko muri ONU Joseph Malok, yabwiye abagize ako kanama kajejwe umutekano ko kwima reta yiwe uburenganzira bwo gukingira abanyagihugu n’imbibe z’igihugu ar’ukutubahiriza ubwigenge bw’igihugu.

Erekana ibyavuzweho

XS
SM
MD
LG