Uko wahagera

Mozambike: Abashika 73 Barapfuye Bariko Bagerageza kwiba Igitoro


Abantu bashika 73 barapfuye abandi barenga 100 barasinzikara muri Mozambike bitewe n’isanganya ry’ikamyo itwara ibitoro yatembagaye mu nyuma ica irasha.

Abanyagihugu baciye bihuta kwiba igitoro muriyo baca bahitanwa n’uwo muriro.

Abar’aho igihe vyaba bavuga ko iyo kamyo yatembagariye mu gace ko mu ntara ya Tete iri hafi y’urubibe Mozambike gihana na Malawi. Umurwi w’abategetsi bo muri reta baciye bihuta gushika ahabereye iryo bara kugira barabe ivyononekaye.

Mozambique ni kimwe mu bihugu bikenye cane kw’isi, ubutunzi bwaco ntibwigeze bwisununura mukiringo c'imyaka 15 iheze intambara y’abenegihugu irangiye mu mwaka w’1992. Mozambike kandi gihanzwe n’ubugaragwa hamwe n’ubukene bw’ibifungurwa.

Erekana ibyavuzweho

XS
SM
MD
LG