Uko wahagera

Ikiringo c'Inteko Zijejwe Gucungera Umutekano mu Ntara ya Abyei Carongerejwe


Intara ya Abyei kw'ikarata
Intara ya Abyei kw'ikarata

Akanama kajejwe amahoro n’umutekano kw’isi k’ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U, kemeje muri iyi ndwi kwongereza ikiringo c’inteko zijejwe kwubahiriza umutekano kw’isi, mu ntara itunze ibitoro ya Abyei iri hagati ya Sudani yo mu bumanuko na Sudani. Iyo ntara imaze igihe kirekire igeramiwe n’intambara.

Ako kanama kasavye kandi ivyo bihugu bibiri gusubira kubandanya ibiganiro bigenewe gutorera inyishu ikibazo c’intara ya Aabyei.

Ibiganiro kuri ico kibazo bimaze igihe vyarahagaze. Sudani yo mu bumanuko na Sudani biriyitirira akarere ka Abyei. Yamara nta ruhande na rumwe rushaka guhindura uko ibintu bimeze muri iki gihe.

Sudani irakura inyungu ku kugene ibintu vyifashe muri iki gihe, mu gihe ico gihugu cihariye ibitoro vyo muri ako karere.

Amasezerano y’amahoro yo mu mwaka w’i 2005, yatangaje ku buryo butomoye kw’abanyagihugu baba mu ntara ya Abyei, botegerezwa kugira referandu, mu mu kwezi kwa mbere, kugira bahitemwo kuba igice ca Sudani canke Sudani yo mu bumanuko, mu mwaka w’i 2011.

Iyo referendumu yarigijweyo.

XS
SM
MD
LG