Uko wahagera

Kenya Yigijeyo Iyugagwa ry'Ikambi ry'Impunzi rya Dadaab


Impunzi zo mw'ikambi y'i Dadaab, muri Kenya

Impunzi zo mw'ikambi y'i Dadaab, muri Kenya

Reta ya Kenya imenyesha ko itarugara ikambi ry’impunzi ry’I Dadaab nkuko yari yabitangaje. Iryo kambi rigizwe n’impunzi zigera ku bihumbi amajana atatu, abenshi muri bo baturuka mu Gihugu ca Somaliya. Umushikiranganji wa kenya ajejwe intwaro yo hagati mu gihugu avuga ko igikogwa co gutahukana impunzi muri Somaliya kibandanya.

Joseph Nkaissery, aramutswa Ubushikiranganji bwo hagati mu gihugu yabwiye abamenyeshamakuru, kur’uyu wa gatatu, ko Igihugu cabaye kirunguruza iyugagwa ry’iryo kambi bivuye ko vyasabwe n’Ishirahamwe Mpuzamakungu ryitaho impunzi kw’isi, HCR, hamwe na Reta ya Somaliya.

Ikambi ry’i Dadaab risanzwemwo impunzi z’abanyesomaliya zishika ku bihumbi amajana abiri na mirongo umunani. Reta ya Kenya ikaba yari yatangaje ko izoryugara kw’itariki ya 30 z’uku kwezi kwa 11. Iryo kambi ryuguruwe ku ncuro ya mbere mu mwaka w’1991, igihe Igihugu ca Somaliya cinjiye mu ntambara y’abanyagihugu, inyuma y’itembagazwa ry’ubutegetsi bwa Mohamed Siad Barre.

Muri kahise iryo kambi rikaba ryarigeze gutunga impunzi zishika ku bihumbi amajana ane.

Erekana ibyavuzweho

XS
SM
MD
LG