Uko wahagera

FIDH Imenyesha ko Hashobora kuba Ihonyabwoko mu Burundi


Imyiyerekano mu Burundi
Imyiyerekano mu Burundi

Ishirahamwe ryitaho agateka ka zina muntu FIDH rimenyesha amakungu ko mugihe atacokorwa hashobora kuba ihonyabwoko mu Burundi

Mucegeranyo ryakoze ryerekana ko hari amabi menshi yakozwe kuva mu kwezi kwa kane umwaka w’I 2015 aho umugambwe CNDD FDD uri ku butegetsi wahitamwo Perezida Nkurunziza kuwubera umukandida mu kibanza c’umukuru w’igihugu bigatuma haba indyane za politike.

Ishirahamwe FIDH rivuga ko indyane za politike ziri mu Burundi ziriko zifata intera y’ubwoko rikibaza ko hashobora kwaduka ihonyabwoko hamwe amakungu atova hasi hakiri kare.

Ibitigiri bitangwa na FIDH n’uko abantu barenga 1000 aribo bamaze kwicwa kuva mu kwa kane umwaka uheze, ibihumbi 8 bafungiwe politike, hagati ya 300 na 800 babuzwe irengero ryabo nayo abarenga ibihumbi 300 bahunze igihugu.

Ibindi kur’iyi nkuru tubishikirizwa n’umumenyeshamakuru w’Ijwi ry’Amerika I Burundi, Eloge Willy Kaneza

please wait

No media source currently available

0:00 0:04:18 0:00

XS
SM
MD
LG