Uko wahagera

USA: Rudy Giuliani Ashobora Kuba Umushikiranganji w'Imigenderanire


Rudy Giuliani, yahoze ari umukuru w'igisagara ca New York
Rudy Giuliani, yahoze ari umukuru w'igisagara ca New York

Amakuru atangazwa n'abegereye Donald trump avuga ko Rudy Giuliani yahoze ari umukuru w’igisagara ca New York, ariwe abonwa ko ashobora kuzoba umushikiranganji ajejwe imigenderanire muri reta nshasha yiwe.

Giuliani n’inzombere mu kuba umushikirizamanza wa Reta. Yamara ntiyigeze akora mu bijanye n’imigenderanire n’amahanga. Ibintu bisabwa ku bashinzwe amabanga y’ukuba abashikiranganji bajejwe imigenderanire.

Yamara Giuliani yarashigikiye bikomeye Donald Trump, kandi abo bantu babiri haheze igihe kirekire bazinanyi.

Newt Gingrich, yahoze ari umukuru w’inama nshingamateka y'Amerika, nawe nyene ashigikiye Donald Trump, yabwiye televiziyo, Fox News, ku musi wa mbere ko Giuliani ashobora kuba yifuza kuba umushikirizamanza kizigenza wa Reta canke akayobora ubushikiranganji bujejwe kwubahiriza umutekano w’igihugu.

Yamara atangaza ko vyoba ari vyiza hamwe yogenwa kuba umushikiranganji ajejwe imigenderanire.Atangaza ko yohindura ibintu mur'ubwo bushikiranganji.

Uwundi ashobora kuba umushikiranganji ajejwe imigenderanire ni John Bolton yahoze ari Ambasaderi w'Amerika mw’ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U, ku ntwaro ya prezida George W. Bush. Yamaze imyaka itari mike ajejwe amabanga akomeye mu bushikiranganji bujejwe imigenderanire.

Donald Trump yabonanye kur'uyu musi ku wa kabiri n’icegera ciwe, Mike Pence kugira babandanye kwihweza abashobora kugenwa muri Reta yiwe.

XS
SM
MD
LG