Uko wahagera

Siriya: Uburusiya Bwateye mu Ntara za Idlib na Homs.


Indege z'intambara z'Uburusiya muri Siriya
Indege z'intambara z'Uburusiya muri Siriya

Uburusiya bwatangaje kur'uyu musi ku wa kabiri kw’indege z’ingwano zabwo zagize ibitero bikomeye mu ntara za Idlib na Homs mu gihugu ca Siriya.

Ubushikiranganji bujejwe kwivuna abansi bw’Uburusiya butangaza kw’ivyo bitero birimwo indege z’ingwano zivuye ku bwato butwara indege z’ingwano bwonyene ico gihugu gifise, Admiral Kuznetsov, bwashitse mw’ibahari Mediterane mu ndwi iheze hamwe n’ubundi bwato butari buke.

Ibitero vyo kur'uyu wa kabiri vyahiga abarwanyi ba Reta ya Kiyislamu n’abarwanyi b’umurwi Nusra Front, nkuko bitangazwa n’itangazamakuru ryo mu Burusiya.

Ivyo bitero bibaye mu gihe abaharanira agateka ka muntu muri Siriya batangaje kw’ibitero vy’indege z’ingwano mu gice co mu buseruko bw’igisagara ca Aleppo vyasubiye kubandanya.

XS
SM
MD
LG