Uko wahagera

Afuganistani irasabira Ibihano Umukuru w'Abatalibani


Abagwanyi b'aba Talibani, muri Afuganistani

Abagwanyi b'aba Talibani, muri Afuganistani

Reta ya Afuganistani irasaba Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU gushira Umukuru w’umugwi w’aba talibani k’urutonde gw’abantu badakwiye gukora ingendo, no guhagarika ubutunzi bwiwe hamwe n’ibigwanisho.

Abavyihweza bavuga ko ivyo ar’ibigaragaza ukudadaza kwa Prezida Ashraf Ghani ku bijanye n’ibiganiro vy’amahoro kur’izo mpande zibiri, kandi ko ivyo bishobora gutuma haduka ibibazo vya politike.

Ni mu gihe umugwi w’aba talibani wamye usaba ko abategetsi bawo bakugwa k’urutonde gw’ibihano vya ONU imbere y’uko bemera ibiganiro vy’amahoro na Reta ya Afuganistani.

Erekana ibyavuzweho

XS
SM
MD
LG