Uko wahagera

Trump Yiteguye Kunagura Imigenderanire ya Amerika n'Uburusiya


Donald Trump na Vladimir Putin w'Uburusiya
Donald Trump na Vladimir Putin w'Uburusiya

Prezida Vladimir Poutine w’Uburusiya yarakeje Donald Trump, yatowe ngo arongore Reta Zunze Ubumwe za Amerika. Uburusiya bumenyesha kandi ko bwiteguye kugirana ibiganiro ku bijanye n’imigenderanire hagati y’ivyo bihugu ukw’ari bibiri.

Ibiro vya Donald Trump vyatangaje ko mu kiganiro Trump yagiranye na Prezida Poutine, Trump yamushikirije ko arindiranye igishika kugirana imigenderanire ikomeye n’Uburusiya.

Mw’itangazo ryasohowe n’Ibiro vy’Umukuru w’Igihugu c’Uburusiya, rimenyesha ko imigenderanire y’ivyo bihugu bibiri itari ishimishije cane, ko bategerezwa kugirana ibiganiro bishingiye k’uburinganire, ukwubahana no kutinjira muri politike y’uwundi.

Ibiro vy’Umukuru w’Igihugu c’Uburusiya, vyatangarije ku mbuga ngurukanabumenyi ko mu mwaka utaha, imigenderanire hagati y’Uburusiya na Amerika izoba ikwije imyaka amajana abiri na cumi. Iryo tangazo rivuga kandi ko imigenderanire myiza hagati y’ivyo bihugu bibiri igira ingaruka nziza kuri vyo, no k’umutekano w’ibindi bihugu.

XS
SM
MD
LG