Uko wahagera

Nouvelle Zelande: Nyamugigima Imaze Guhitana Babiri


Abaporisi bagenzura ivyononwe na Nyamigigima muri Nouvelle Zelande

Abaporisi bagenzura ivyononwe na Nyamigigima muri Nouvelle Zelande

Ibisigarira bikomeye vy’ikinyamugigima vyanyigangije izinga ryo mu bumanuko bw’igihugu ca Nouvelle Zelande, kur’uyu musi ku wa mbere.

Ivyo vyabaye amasaha makeyi inyuma yuko ikinyamugigima gikomeye cane kibaye muri ico gihugu.

Umushikiranganji wa mbere wa Nouvelle Zelande, John Keya atangaza ko yiteze kw’ivyononekaye bigera ku miliyari y’amadolari, kandi ko bizofata amezi n’amezi kugira bisanurwe.

Umuvuguzi w’ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bwa Reta Zunze Ubumwe z’Amerika, John Kirby yatangaje kw’umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Amerika, John Kerry yemereye mugenzi we wa Nouvelle Zelande, Murray McCully imfashamyo iyariyo yose ishobora kuba ikenewe.

Abategetsi b’igihugu ca Nouvelle Zelande bemeje kandi kw’abantu babiri bapfuye inyuma yuko ikinyamugigima co ku rugero rw’indwi z’ibice umunani kibaye ku bilometero mirongo icenda uvuye mu gisagara ca Christchurch, igisagara kinini cane kw’izinga ryo mu mubanuko bw’igihugu.

Ikinyamugigima co kur’uyu musi wa mbere cononye inyubakwa mu gice kiri aharenga ibilometero amajana abiri uvuye ku murwa mukuru, Wellington.

Ikinyamugigima co ku rugero rwa gatandatu n’ibice bitatu mu gisagara ca Christchurch mu mwaka w’i 2011 cahitanye abantu ijana na mirongo umunani na batanu, conona ibitari bike.

Erekana ibyavuzweho

XS
SM
MD
LG