Uko wahagera

Imyiyerekano Yo Kwiyamiriza Donald Trump Irabandanya Muri Amerika


Abiyamiriza Itorwa rya Donald Trump Muri New York
Abiyamiriza Itorwa rya Donald Trump Muri New York

Abantu ibihumbi n’ibihumbi baragize imyiyerekano ku musi w’Imana y’ukwiyamiriza Donald Trump aherutse gutorwa ngo azorongore Reta Zunze ubumwe z’Amerika.

Abo bantu bari bafise inzandiko n’ibimenyetso n’amajambo yiyamiriza imigambi yiwe n’ivyo yatangaje ku bibazo nk’ivyerekeye abimukira n’uburenganzira bw’abapfasoni.

Imyiyerekano mu bisagara bikomeye ntiyarimwo abantu benshi cane nk’abari mu myiyerekano yabaye ku musi wa gatandatu w’iyi ndwi turangije. Yamara vyitezwe kw’iyo myiyerekano ibandanya iyi ndwi yose gushika n’igihe azorahira hagati mu kwezi kwa mbere.

Mu gisagara ca New York, abantu barenga igihumbi baragize imyiyerekano imbere y’inyubakwa ya Donald Trump iri mu gice ca Manhattan n’imbere y’inyubakwa yiwe mu gisagara ca Chicago ku musi w’Imana.

Mu gisagara ca San Fransisco, abantu amajana n’amajana baragize imyiyerekano y’ukwiyamiriza Trump ku musi w’Imana. Abantu amajana n’amajana barahuriye mu gisagara ca Oakland muri Reta ya Californiya.

Abantu amajana n’amajana baragize kandi imyiyerekano mu gisagara ca Philadelphia, aho bateye baja mu kibanza citiriwe ukwikukira aho abashinze igihugu c’Amerika bahuriye bongera batera igikumu ku masezerano yatangaje ukwikukira n’ibwirizwa shingiro.

Mur’ico gihe, ivyaha ku bantu bari ku rushi muri Amerika vyiyongeye ibice indwi kw’ijana mu mwaka uheze. Ivyo vyatangajwe n’ibiro bijejwe gukwirikirana inkozi z’ikibi FBI.

Ivyaha ku Bayisilamu vyariyongeye ibice 67 kw’ijana. Ivyaha ku Bayisilamu vyatanguye kwiyongera cane kuva habaye ibitero vy’iterabwoba muri Amerika mu kwezi kw’icenda mu mwaka w’i 2001. Ivyo vyaha vyabandanije kwiyongera gushika mu mwaka w’i 2016.

XS
SM
MD
LG