Uko wahagera

Umwiyahuze Yishe Abashika 6 muri Iraki


Umwiyahuzi afise bombe yishe abantu batandatu, akomeretsa abandi batandatu uno musi ku wa mbere hafi y’igisagara ca Karbala kiri mu bumanuko bw’igihugu ca Iraki.

Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati bwatangaje kw’inteko zijejwe umutekano zishe abandi bantu batanu bagize ibitero, kandi kw’umwiyahuzi yari afise bombe yiturikije mu nzu yarimwo inyuma yuko ikikujwe n’inteko zijejwe umutekamo.

Nta wiyitiriye buno nyene igitero cabereye hafi y’igisagara ca Karbala. Cabereye ahitwa Ain al-Tamer, hafi y’ibilometero mirongo itanu uvuye mu gisagara ca Karbala. Ico gisagara kirimwo ibibanza bihezagiye bitari bike vy’abaShiite.

Ico gitero ca bombe cabaye mu gihe aba Shiite bariko bitegurira guhimbaza Arbaeen, irangira ry’ikiringo c’imisi mirongo ine y’ukwibuka urupfu rw’umwuzukuruza w’intumwa Muhammad, Iman Hussein.

Mu gihe ibitero vy’amabombe biba kenshi mu gihugu ca Iraki, biba gake mu bumanuko bw’umurwa mukuru, Bagdad.

Erekana ibyavuzweho

XS
SM
MD
LG