Uko wahagera

ONU Iragabisha Ihonyabwoko muri Sudani y'Ubumanuko


Adama Dieng, Umuhanuzi adasanzwe w’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U, ajejwe kurinda ihonyabwoko.

Adama Dieng, Umuhanuzi adasanzwe w’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U, ajejwe kurinda ihonyabwoko.

Umuhanuzi adasanzwe w’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U, ajejwe kurinda ihonyabwoko, Adama Dieng atangaza ko igihugu ca Sudani y’Ubumanuko gishobora kwinjira mu bihe vy’ihonyabwoko.

Ivyo yabishikirije ari k’umurwa mukuru Juba, inyuma y’urugendo rw’imisi itanu yar’amaze mur’ico gihugu.

Ariko umushikiranganji wa Sudani y’Ubumanuko ajejwe kumenyesha amakuru, Michael Makuei yiyamirije yivuye inyuma ivyo uwo mutegetsi wa ONU Dieng yashikirije mu kuvuga ko ibiriko biraba mur’ico gihugu ataho bisa bisana n’ihonyabwoko.

Dieng asaba perezida Salva Kiir, gufata ingingo zikomeye zo kugarukana amahoro n’umutekano kugira ubwicanyi hagati y’amoko buhagarare.

Tubibutse ko intambwe zo kugerageza gushinga reta mfatakibanza mu ntumbero yo gushira hamwe imihari yarwana ataco zavuyemwo, mugihe mu ntango z’uyu mwaka Riek Machar yari yagenwe kuba icegera cambere c’umukuru w’igihugu yaciye ahunga umurwa mukuru Juba.

Abasirikare bamuyoboka baca basubira kurwanya Perezida Salva Kiir na reta yiwe.

Erekana ibyavuzweho

XS
SM
MD
LG