Uko wahagera

Ubumwe bwa Bulayi Ntibushimishwa n'Itorwa rya Donald Trump


Umukuru wa Komisiyo y'Umuryango w'Ubumwe bwa Bulayi Jean-Claude Juncker
Umukuru wa Komisiyo y'Umuryango w'Ubumwe bwa Bulayi Jean-Claude Juncker

Umukuru arongoye Kimosiyo y’Uburayi Jean Claude Juncker yatangaje ko itorwa rya Donald Trump kuzorongora Leta zunze ubumwe z’Amerika ar’intambamyi ku migenderanire hagati y’Amerika n’umuryango w’ubumwe bwa Bulayi.

Mw’ijambo yashikirije kur’uyu wa gatanu ari mugihugu ca Luxembourg, Juncker yashikirije ko Trump ataco anezwe ku Burayi kandi ko ibikorwa vyinshi bamaze bakorana n’Amerika bigiye kuba impfagusa.

Junker kandi amenyesha ko Trump n’umuryango w’Ubumwe bwa Bulayi batavuga rumwe ku kibazo c’abimukira.

Mubihe vy’imyiyayamazo, Donald Trump yavuze ko azosubira kwuhweza ibijanye n’imigenderanire Amerika ifitaniye n’inteko mvamakungu za OTAN kandi yaraneguye politike y’Abanyabulayi kubijanye no kwugururira imbibe zabo abimukira.

XS
SM
MD
LG