Uko wahagera

Turkey: Umuyobozi w'ikinyamakuru gikomeye yafashwe


Police officers detain a pro-Kurdish Peoples' Democratic Party member as they protest the detention of Gultan Kisanak, Diyarbakir mayor, and Co-mayor Firat Anli, in Diyarbakir, Turkey, Oct. 26, 2016.

Police officers detain a pro-Kurdish Peoples' Democratic Party member as they protest the detention of Gultan Kisanak, Diyarbakir mayor, and Co-mayor Firat Anli, in Diyarbakir, Turkey, Oct. 26, 2016.

Reta ya Turkey kuri uno musi wa gatanu yafashe umuyobozi mukuru w’akanama kayobora ikinyamakuru c’abatavuga rumwe na reta ‘daily Cumhuriyet. Aho n’inyuma yaho bahagaritse abandi bakozi icenda b’ico kinyamakuru mu ndwi iheze.

Ico kinyamakuru Cumhuriyet kimaze igihe gisohora inzandiko zigwanya umugambwe w’Ubutugane n’Iterambere (AKP) akaba ari nawo perezida Recep Tayyip Erdogan aturukamwo. Catangaje ko gipolici cahagaritse uwitwa Akin Atalay kukibuga c’indege c’I Istanbul avuye mubudagi.

Atalaye yahagaritswe ku kibuga c’indege umwanya utari muto aca ashigwa mu muduga w’igipolici atwaga ku biro bikuru bijejwe umutekano. Ico kinyamakuru kivuga kandi ko yahagaritswe ku matohoza y’ibikogwa vy’iterabwoba.

Igihugu ca Turkey kimaze guhagarika ivyagateganyo abategetsi n’abayobozi batandukanye barenga ibihumbi ijana na cumi, muri bo hakaba harimwo, abasirikare, abacamanza, abigisha, abamenyeshamakuru. Reta imaze kandi gufunga ikindi gitigiri c’abandi ibihumbi mirongo itatu na bitanu kuva habaye coup d’eta yateshejwe mu kwezi kw’indwi kw’uyu mwaka wi 2016. Reta itunga urutoke umunyaTurkey Fethlullah Gullen aba muri amerika kuba ariwe yari inyuma y’itegugwa ry’iyo coup d’etat.

Abagwanya perezida Erdogan bamwagiriza kuba yitwaza iyo coup d’eta yateshejwe, mu gucinyiza abatavuga rumwe nawe.

XS
SM
MD
LG