Uko wahagera

Ghana: Ubutunzi nti bwifashe neza ariko amatora azoba


The campaign billboards of Ghana's two main political parties running in this year's national election are shown in the streets of Accra in Ghana, Oct. 8, 2016.

The campaign billboards of Ghana's two main political parties running in this year's national election are shown in the streets of Accra in Ghana, Oct. 8, 2016.

Igihugu ca Ghana kiri mu burengero bwa Africa citeguriye kuja mu matora y’abashingamateka n'ayumukuru w’igihugu mu kwezi kwa cumi na kabiri.

Yamara muri iki gihe igihugu ca Ghana kirangwa n’iduzwa ry’ibiciro ku bidandazwa, amadeni menshi reta ifise, n’ubukene bw’umuyagankuba, ariko amatora azoba mu kwezi kuza.

Abanyagihugu nka Ametorgoh Maximus yigisha ibijanye n’ikoreshwa ry'ubuhinga ngurukana bumenyi mw’ishirahamwe PopOut, avuga ati: Nta mafaranga ahari mu gihugu, amashirahamwe agenda yugara, abantu barabura ubuzi.

Ametorgoh avuga kandi ati: "bama bashira imbere ibitigiri vy’amashure n’amabarabara bamaze kw’ubaka" ati "ariko dukeneye ibiruta ivyo".

Umugwiza tunga Hilda Harrison nawe akora ibijanye no ku nonora imitsi y’abantu (massage), wewe avuga ko aheruka kwugara ishirahamwe ryiwe muri uyu mwaka nyene.

Harrison avuga ati kw’itariki y’indwi mu kwezi kwa cumin na kabiri nzo tora kugira habe ihinduka mu gihugu.

NPP, umugambwe munini utavuga rumwe na reta uvuga ko uzotuganya ibijanye n’ubutunzi kurusha abandi.

Yamara umugambwe uri kubutegetsi The National Democratic Congress wo werekana ibikogwa waranguye ugakoresha icivugo kivuga giti “Duteze imbere ubuzima bw’abantu”.

XS
SM
MD
LG