Uko wahagera

BURUNDI: Icigwa Ku Matora yo Muri Amerika


Frederic Bamvuginyumvira
Frederic Bamvuginyumvira

Mu kiganiro cacu c’uyu musi Murisanga, tugiye ahanini kuvuga ku kuntu Abarundi hamwe n’abanyagihugu bose bo mu karere ka Afrika y’ibiyaga binini babona itorwa rya Donald Trump.

Itorwa rya Trump, ryaratangaje abatari bake, kuko ibiharuro vyose vyari vyaratohojwe n’abahinga mu vyerekeye amatora, vyerekana kw’;ata mahirwe Trump yar’afise yo gushobora gushikana amajwi 270, atuma umucandida atsinda amatora muri Reta ZUze Ubumwe za Amerika.

Aho bitangarije rero, Trump yaranatsinze no mu ntara zahora, kuva kera na rindi, zatora abademokrate.

Mbega vyagenze gute kugira ngo abahinga mu vyerekeye amatora na politike, bihende ku buryo umunyapolitike bavuga kw’ata mahirwe afise yo gutsinda amatora, yaronse amajwi menshi no mu ntara zahora zitora abaDemocrate.

Mbega abanyamerika boba berekanye kw’ikintu bashira imbere ar’ihinduka ry’ubutegetsi, kurusha uko bashira imbere ivyiyumviro n’imigambi y’abanyapolitike.

Mbega ibintu mwibaza ko bizohinduka cane n’ibihe:

Icigwa Uburubndi hamwe n’ibihugu vyo muri Afrika, vyokura mu kuntu ubutegetsi buhanahanwa muri Amerika hamwe n’ukuntu abanyapolitike bakira ivyavuye mu matora n’ikihe?

Mushobora kwumviriza ikiganiro Murisanga, twatumiyemwo, Willy Nyamitwe, umuhanuzi mukuru mu biro vy’umukuru w’igihugu c’Uburundi, ajejwe gutangaza amakuru hamwe na Frederic Bamvuginyumvira, yigeze kuba vice president w’Uburundi, mur’iki gihe akaba ar’umukuru w’umugambwe Sahwanya Frodebu.

please wait

No media source currently available

0:00 0:58:02 0:00

XS
SM
MD
LG