Uko wahagera

USA: Imyiyerekano yo Kwiyamiriza Donald Trump


Abanyagihugu bari mu myiyerekano yo kwiyamiriza Donald Trump yatsindiye amatora
Abanyagihugu bari mu myiyerekano yo kwiyamiriza Donald Trump yatsindiye amatora

Inyuma y’ibiharuro vyatangajwe mu vyavuye mu matora y’Umukuru w’Igihugu hano muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, abanyagihugu ibihumbi bakorokeye mu mabarabara y’ibisagara binibini nka New York, hamwe n’imbere y’inyubakwa y’Umukuru w’Igihugu hano muri Washington DC, k’umugoroba wo kur’uyu wa gatatu.

Gushik’ubu iyo myiyerekano yaranzwe n’umutekano, yamara abari muriyo bashira amajwi yabo hejuru biyamiriza Donald Trump yatahukanye intsinzi, mu kuvuga ko batamushaka, ko badashaka amacakubiri muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Ahandi habereye imyiyerekano nk’iyo ni muri Reta ya Chicago, mu gisagara ca Philadelphie, muri Boston no mu bisagara vya Los Angeles, San Francisco, hamwe na Seattle.

Mu gitondo co kur’uyu wa gatatu, abanyeshure bo mu mashure yisumbuye naza kaminuza bakaba bagize imigumuko mu mashure atandukanye ya Reta ya Californie, aharangwa n’abimukira baturuka mu gihugu ca Mexique.

Abari mur'iyo myiyerekano bavuga ko batewe ubwoba n’ivyashikirijwe na Donald Trump mu myiyamamazo, akavuga kw’arumunyamacakubiri.

Gushik’ubu abasanzwe bakorana na Donald Trump akaba ataco baravuga kur’iyo migumuko.

Ni mugihe Hillary Clinton yahiganwa na Trump yari yasavye abanywanyi biwe kwakira intsinzi ya Trump, kandi bakamuha n’akaryo ko kuyobora Igihugu.

XS
SM
MD
LG