Uko wahagera

Kenya: Abasirikare Mvamakungu Ijana Batahukanywe


Abasirikare mvamakungu ba Kenya batahukanywe bava muri Sudani y'Ubumanuko

Abasirikare mvamakungu ba Kenya batahukanywe bava muri Sudani y'Ubumanuko

Abasirikare ba Kenya bashika kw’ijana bakorera Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU muri Sudani y’Ubumanuko batahukanywe mu gihugu cabo kur’uyu wa gatatu. Ni mu gihe Igihugu ca Kenya cari catangaje mu minsi iheze ko kigiye gukura abasirikare baco bashika ku gihumbi, basanzwe bariko bakorera aho muri Sudani y’Ubumanuko.

Iyo ngingo Igihugu ca Kenya cayisohoye inyuma y’aho Umunyamabanga Mukuru wa ONU, Ban Ki-Moon afatiye ingingo yo guhagarika Liyetena General Jonhson Mogoa Kimani Ondieki, yararongoye inteko mvamakungu za ONU mur’ico Gihugu.

General-Major Benjamin Biwott, yabwiye abamenyeshamakuru ko uwo ar’umugwi wa mbere bakuyeyo, kandi ko bariko barangura ico gikorwa bisunze itegeko ryatanzwe na Prezida wa Kenya mu ndwi iheze.

Tubibitse ko General-Major Ondieki yahowe icegeranyo ca ONU camwagiriza ko inteko yar’arongoye ataco zakoze mu gukingira abanyagihugu mu ntureka zabaye muri Sudani y’Ubumanuko, mu kwezi kw’indwi, intureka zahitanye abantu bashika ku majana atatu.

XS
SM
MD
LG