Uko wahagera

USA: Abimukira ba Somaliya Baronse Intebe mu Nama Nshingamateka


Umwimukira IIhan Omar aturuka muri Somaliya, yatsindiye ikibanza c'Umushingamateka muri Reta ya Minnesota
Umwimukira IIhan Omar aturuka muri Somaliya, yatsindiye ikibanza c'Umushingamateka muri Reta ya Minnesota

Abimukira baturuka mu gihugu ca Somaliya, hano muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika bamenyesha ko umukandida bipfuza cane atashoboye gushika ku ntsinzi. Yamara uwo mugwi w’abanyagihugu uvuga ko wagize intambwe ikomeye mur’ayo matora, m'ugutora Umushingamateka wa Reta ya Minnesota, yahoze ari impunzi, ava mu gihugu ca Somaliya.

IIhan Omar, n’umukenyezi w’imyaka mirongo itatu n'ine, yatowe muri Reta ya Minnesota. Niwe Mushingamateka wa mbere atowe aturuka mu bimukira baje bava muri Somaliya. Mw’ijambo yashikirije, yabwiye abanywanyi biwe ko intsinzi atari iyiwe gusa, ariko ko ari intsinzi ku bimukira bose baturuka muri somaliya, aba isilamu, imigwi y'inkehwa, na cane cane ku bigeme bari mw’ikambi ry’impunzi rya Dadab riri muri Kenya, aho yaba imbere yo kuza muri Amerika.

Igisagara ca Minneapolis kiri muri Reta ya Minnesota, aho Omar asanzwe aba, gisanzwe arico gisagara kibamwo abimukira benshi baturuka muri Somaliya. Abenshi mur’abo bimukira baganiriye n’Ijwi rya Amerika, imbere y’uko amatora y’Umukuru w’Igihugu atangura ngaha muri Amerika, bavuga ko bari bashigikiye umukandida Hillary bivuye ko bafata ko Trump ataberekwa.

XS
SM
MD
LG