Uko wahagera

Amatora y’Abashingamateka muri Amerika


Tammy Duckworth
Tammy Duckworth

Mu gihe abanyagihugu hano muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika biriwe mu matora y’Umukuru w’Igihugu kur’uyu wa mbere, abazogira Inama Nshingamateka na Nkenguzamateka nabo nyene bari mw’ihiganwa ryo kwitoza.

Izo nzego ukw’ari zibiri zikaba zaranzwe mu bwinshi n’Umugambwe w’aba Republikani, kimwe mu vyabereye intambamyi ikomeye Prezida Barack Obama, agiye kurangiza ikiringo ciwe c’Umukuru w’Igihugu, mu kurangura imigambi yiwe ya politike.

Aba Demokrate bizeye gutahukana intebe nyinshi mur’aya matora, aho bari basanganywe intebe 46 kuri 54 z’aba Republikani. Gushik’ubu ibiharuro bimaze gusohoka vy’abaserukira izo nzego, aba Republikani akaba aribo baza imbere, yamara ibiharuro vyerekana ko n’ubwo bir’uko, aba Republikani bashobora gutakaza bimwe mu bibanza bari basanganywe.

Mwomenya ko Reta ya Illinois imaze gutora umu Demokrate Tammy Duckworth, nayo muri Reta ya Floride, umu Republikani Marco Rubio akaba ariwe yatowe kuyiserukira mu nama Nkenguzamateka.

Nathan Gonzales, Umuhinga muvya Politike avuga ko aba demokrate bishoboka ko batahukana intebe zishika ziri hagati y’8 na 13 inyuma y’amatora.

XS
SM
MD
LG