Uko wahagera

USA: Ni Nde Utsinda Leta z'Ishiraniro?


Kubarura amajwi y'amatora y’umukuru w’igihugu muri Reta zunze ubumwe za Amerika arabandanya. Ababikurikirana bahanze amaso ibiharuro biva mu ma reta akomakomeye, asanzwe azwi kw’ari yo ashikana abakandida ku ntsinzi.

Ni mu gihe umukuru w’igihugu muri Amerika adatogwa n’abanyagihugu mu kivunga, ariko ahabwa amajwi n’ama reta amwe amwe nka Florida, Carolina y’Uburaruko, Pennsylvania na Ohio asanzwe abamwo abantu benshi cane.

Mur’ayo ma reta akaba ariho abakandida Donald Trump na Hillary Clinton bashize inguvu zabo mu bijanye n’umwanya, ariko kandi n’amafaranga menshi, kugira bashobore kuronka intsinzi muri zo.

Abakandida Trump na Clinton bagendeye reta ya Carolina y’Uburaruko, mu gihe c’imyiyamamazo, incuro mirongo ibiri n’imwe, kugira bashobore kuronka intsinzi mur’iyo Reta.

Erekana ibyavuzweho

XS
SM
MD
LG