Uko wahagera

FBI: Hillary Clinton Ntaco Yagirizwa n'Ubutungane


James Comey arongoye ibiro FBI bijejwe iperereza muri Amerika
James Comey arongoye ibiro FBI bijejwe iperereza muri Amerika

Umuyobozi w’ibiro FBI bijejwe iperereza muri Reta zunze ubumwe z’Amerika, James Comey, yabwiye inama nshingamateka y’Amerika ko atanakimwe yahinduye muvyo yashikirije mu kwezi kw’indwi.

Yatangaje ko umukandida Hillary Clinton ahiganirwa ikibanza c’umukuru w’igihugu mu mugambwe w’abademokrate ataco yakoze giciye kubiri n’amategeko mugihe yari sekreteri wa reta y’Amerika.

Hagat’aho abakandida Hillary Clinton na Donald Trump barabandanya imyiyamamazo kur’uyu musi wa nyuma imbere y’uko amatora aba.

Amatora n’ejo kuwa kabiri kandi ibiharuro vyanyuma vyashikirijwe n’ibinyamakuru NBC na Wall Street Journal bikorera muri Amerika vyerekanye ko Hillary arusha Trump amajwi ane kw’ijana mugihe ibinyamakuru ABC na Washington Post vyerekana ko Hillary aza imbere ku majwi atanu kw’ijana.

XS
SM
MD
LG