Uko wahagera

Burundi: Amahoro Akwiye Gutuma Ibigwanisho Bigabanuka


Amakenga y’abashingamateka bafise ku bigwanisho bikomakomeye vyitwaza n’abajejwe umutekano, cane cane abapolisi, afatiye ku kuntu ivyo bikoresho vyo mu ntambara bigaragara mu gihugu bivugwa ko kirimwo amahoro.

Umwe muribo, umushingamateka Moise Ntakarutimana atanga akarorero ko mu misi iheze yavuye mu ntara ya cibitoke mu burengero bw’Uburundi mw’ijoro nk’igihe c’isaha zitatu ashika ata ngorane abonye mu nzira.

U yo mushingamateka amenyesha ko atangazwa n’ukubona abajejwe umutekano cane cane mu gisagara ca Bujumbura bitwaza ibigwanisho bihambaye.

Umushikiranganji ajejwe umutekano wewe avuga kw’ ukwitwaza ibigwanisho bikomakomeye, atari ikintu abajejwe bakora kuko bibaryohera.

Ku musi wa kane w’iyi ndwi turangije, umushikiranganji w’umutekano Alain Guillaume Bunyoni n’uw’ukwivuna abansi Emmanuel Ntahomvukiye bari batumweko n’inama nshingamateka.

Ahanini babajijwe ku bibazo vy’abasirikare n’abapolisi baja mu bikorwa vyo kugarukana amahoro n’umutekano mu bindi bihugu.

Mushbora kwumviriza inkuru ya Eloge Willy Kaneza.

please wait

No media source currently available

0:00 0:04:22 0:00

XS
SM
MD
LG