Uko wahagera

Uburusiya Buzotanga Agahengwe muri Aleppo


Ibisigarira inyuma y'ibitero vy'indege mu gisagara ca Aleppo
Ibisigarira inyuma y'ibitero vy'indege mu gisagara ca Aleppo

Ubushikiranganji bw’igihugu c’Uburusiya bujejwe kwivuna abansi, kur'uyu musi wa gatatu, bwatangaje ko buzotanga agahengwe ku musi wa gatanu, kugira ngo abarwanya ubutegetsi hamwe n’abasivile bave mu gisagara ca Aleppo kiriko kiberamwo intambara.

Umukuru w’igisirikare c’Uburusiya, General Valery Gerasimov yatangaje kw’ako gahengwe kazotangura kw’igenekerezo rya 4 ry’uku kwezi kwa cumi na rimwe mu gisagara ca Aleppo kuva isaha zitatu zo mu gitondo gushika isaha imwe yo mw’ijoro.

Yavuze kw’ako gahengwe kemewe n’abategesi barongoye igihugu ca Syria, kazotuma ata bantu ataco bazira, basiga ubuzima mur’iyo ngwano.

Bitegekanijwe kandi ko hazoba hari ibindi bibanza bishika bitandatu, abasivile bazoshobora gucamwo, bariko barahunga.

Imirwi yo mu gihugu ca Syria igwanya ubutegetsi, yariyamirije ako gahengwe katangajwe n’igihugu c’Uburusiya, ikaba ivuga kw’ubwo ar’uburyo igihugu c’Uburusiya kiriko kirakoresha kugira ngo kibonwe neza mu makungu.

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU rivuga kw’abasivile bashika ibihumbi 250 bo mu gisagara ca Aleppo bakeneye imfashanyo yihutirwa cane hamwe n’imiti, mu gihe abandi amajana n’amajana bakeneye guhungishwa.

XS
SM
MD
LG