Uko wahagera

USA: Ugutyozanya Birabandanya Mu Myiyamamazo y'Amatora


Hillary Clinton Yiyamamaza ku ruhande rw'umugambwe w'Abademokrate

Hillary Clinton Yiyamamaza ku ruhande rw'umugambwe w'Abademokrate

Mw’isekeza ryo kwiyamamaza mu matora muri Leta zunze ubumwe za Amerika, abakandida Donald Trump na Hillary Clinton bariko baragiranya ko badakwiye kurongora Amerika. Amatora azemeza uzaba perezida w'Amerika ategekanijwe ku musi wa kabiri w'indwi iza.

Umukandida Donald Trump

Umukandida Donald Trump

Igihe yariko ariyamamaza mu ntara ya Florida kur'uyu musi ku wa gatatu, Trump yavuze kw’itorwa rya Hillary Clinton ryotuma haba amahinyu mw’ibwirizwa shingiro.

Yavuze ko mu gihe yotorwa, Clinton yobandanya gutohozwa no gukwirikiranwa n’ubutungane mu kiringo c’imyaka ine, kubera yavyifashemwo nabi ku bijanye n’umutekano w’igihugu hamwe n’ubutumwa bwacishijwe ku buhingwa ngurukana bumenyi.

Hillary Clinton nawe igihe yari mu ntara ya Florida, yaranebaguye Trump ku kuntu yamye akengera abapfasoni, abafata nk’uko yishakiye ngo kuko ar’umuntu kirangiranwa.

Uyu musi ku wa gatatu Clinton Yagendeye intara ya Arizona, igwiriyemwo abanyagihugu baturuka muri Amerika y'Amajyepfo, biyamiriza imigambi ya Trump yerekeye abimukira.

Ibiharuro vy’amajwi biriko birataganzwa mur’iki gihe, vyerekana ko Trump ariko aregera Clinton, mu majwi.

XS
SM
MD
LG