Uko wahagera

ONU Iragabisha Ku Bitero Biri muri Siriya


Ivyuka bitegwa mu ntambara yo muri Siriya

Ivyuka bitegwa mu ntambara yo muri Siriya

Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU riragabisha Reta ya Siriya hamwe n’imigwi y’abagwanyi ko ibitero bariko barakora mu gisagara ca Alepo, muri Siriya, bishobora gufatwa nk’ivyaha vyo mu ntambara. Ni mu gihe imigwi ya Reta igerageza kwigarurira akarere karimwo abagwanyi mu buraruko bw’ico gisagara, mu gukora ibitero vy’indege, no mukubuza imfashanyo yose igenewe abanyagihugu kwinjira mur’ico gisagara.

K’urundi ruhande, abagwanya Reta nabo bagerageza gukora ibitero ku basirikare ba Reta. Ivyo bigatuma abanyagihugu bahasiga ubuzima biyongera. ONU imenyesha ko mur’iyi minsi, abanyagihugu bashika kuri mirongo ine bahitanywe n’izo ntambara.

Umuvugizi w’ibiro vya ONU mu gisata kijejwe imfashanyo, Jens Laerke, avuga ko ibitero vy’ibikoho bikomakomeye biganisha ku bisagara bisanzwe birimwo abanyagihugu mu burengero bwa Alepo. Laerke amenyesha kandi ko abanyagihugu bashika ku bihumbi amajana abiri na mirongo indwi na batanu, aribo bugarijwe n’izo ntamabara, kandi ko ata mfashanyo nimwe ibashikira. Laerke aranegura kandi igitero cabaye kur’uyu w’Imana ku nyubakwa ya ONU ir’aho mu gisagara ca Alepo.

XS
SM
MD
LG