Uko wahagera

Pakistani n'Ubuhindi Bisabwa Guhagarika Gusotorana


Ku rubibe rwa Kashmir Pakistani isangiye n'Ubuhindi

Ku rubibe rwa Kashmir Pakistani isangiye n'Ubuhindi

Amashirahamwe ya Sosiyete sivile yo mu Buhindi na Pakistani bateye akamo amareta y’ibihugu vyabo guhagarika gutana mu mitwe no gusubira mu biganiro vy’amahoro.

Ivyo babitangaje mugihe kur’uyu wa kabiri hongeye kwaduka ugutana mu mitwe mu ntara ya Kasmir iri ku rubibe ivyo bihugu bihana.

Ivyo bihugu uko ari bibiri bisanzwe bifise ibirwanisho vya nikleyeri bimaze indwi zitari nke bisotorana bivuye ku ntara bipfa ya Kashmir, bituma haba ubwoba ko hashobora kwaduka iyindi ntambara hagati y’Ubuhindi na Pakistani.

Abategetsi ba gisirikare b’ivyo bihugu vyose batangaje ko abantu bashika 19, bagizwe ahanini n’abasivile bapfuye ku mpande zose mu ndwi iheze.

Uko gutana mu mitwe kwatumye amasezerano yo guhagarika imirwano mu ntara ya Kashmir yateweko igikumu mu 2003 atubahirizwa, bituma ivyo bihugu uko ari bibiri vyama vyagirizanije ko kimwe arico kiyarengako.

XS
SM
MD
LG