Uko wahagera

Abantu Barenga 13 Bariko bacukura Ibizuku Bapfuye mu Bushinwa


Abajejwe gutabara Bakoraniye ahabereye impanuka y'Umuriro hacukurirwa ibizuku, mu ntara ya Chongqing
Abajejwe gutabara Bakoraniye ahabereye impanuka y'Umuriro hacukurirwa ibizuku, mu ntara ya Chongqing

Abantu bashika 13 bapfuye abandi 20 barabura irengero ryabo inyuma y’aho hadukiye umuriro aho bacukurira ibizuku mu ntara ya Chongqing mu Bushinwa.

Itororokanirizo ry’amakuru ry’abashinwa, Xinua ryatangaje ko uwo muriro wadutse imbere y’isaha zitandatu kur’uyu wa mbere mu masaha yo mu Bushinwa.

Icegera c’umukuru w’igisagara ca Chongqing yatangaje ko batanguye kurondera abazimiye, ariko amenyesha kandi ko ar’igikorwa kitoroshe bivanye n’uko umwotsi w’ivyo bizuku urimwo ubumara bwa gaze bubi ku magara y’abantu.

Abategetsi bamaze gutangura amatohoza kandi bategeka ko ibikorwa vyose vyo gucukura ibizuku mur’ako karere biba birahagaritswe.

Mu ntango z’uyu mwaka, itororokanirizo ry’amakuru Xinua, ryatangaje ko abantu 171 basize ubuzima mu mpanuka nk’izo mu macukuriro y’ibizuku 45 mu mwaka w’2015.

XS
SM
MD
LG