Uko wahagera

Arusha: Inama kw'Ikoreshwa Ry'Ifaranga Rimwe muri EAC


I Arusha muri Tanzania hariko habera inama yo kurabira hamwe ingene abanyagihugu bokura akarusho mw’isoko rusangi mw'ishirahamwe ry'ibihugu bigize umuryango wa Afrika y'Ubuseruko, EAC.

Abaserukira umuryango wa Bulaya n’ikigega c’isi yose FMI babona ko abanyagihugu babwirizwa kuba bamaze kurya kuvyamwa vy’ayo masezerano inyuma y’imyaka itandatu.

Bavuga ko vyinshi biri mu nzandiko ariko kubishira mu ngiro bikaba bikiri ikibazo cane mu kwidegemvya ata nzitizi mu kuja gukorera mu gihugu ushatse canke kuharangurira imigambi itandukanye.

Icegera ca kabiri c’umunyamabanga mukuru wa EAC, Honorable Jesca Eriyo avuga ko n’ubwo n’inzitizi zitabuze, ko vyinshi bimaze gukorwa mu masezerano agenga isoko rusangi.

Ninako Jean Rigi umunyamabanga ntayegeyezwa mu bushikiranganji bujejwe iyinjira ry’Uburundi mu muryango wa Afrika y’ubuseruko abibona.

N’Inkuru y’umumenyeshamakuru w’ijwi ry’Amerika, Claver Niyonkuru I Arusha muri Tanzaniya.

XS
SM
MD
LG