Uko wahagera

ONU Isaba Ishirwaho rya Sentare Idasanzwe kuri Eritreya


Abanyetiyopiya mu myigaragamvyo

Abanyetiyopiya mu myigaragamvyo

Komisiyo ishigikiwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU kumatohoza y’ihohotera ry’agateka ka muntu muri Eritreya, isaba ko hashingwa urubanza, canke hashirwaho sentare idasanzwe ku vyaha vyagirizwa bamwe mu bategetsi ba reta ya Eritreya.

Muri raporo ya ONU yasohowe mu kwezi kwa gatandatu guheze, bavuga ko hari abategetsi muri reta ya Eritrea bashobora kuba barakoze ivyaha vy’ubwicanyi n’itoteza rya kiremwa muntu ikiringo kirenga imyaka 20.

Mur’iyo raporo, iyo komisiyo ivuga ko habaye inyuruza, ugukubagura, ugufunga abantu igihe kire kire ata rubanza baciriwe, n’ibindi vyaha harimwo ubwicanyi bwagizwe n’inzego za reta.

Ivyo bishikirizwa na Sheila Keetharuth, yahoze ari mu mugwi w’iyo Komisiyo igizwe n’abantu batatu, akaba kandi intumwa ya mbere yarungistwe na ONU muri ico gihugu kugira amatohoza.

Mu nama yabaye kubiro vya ONU kw’itariki 27 z’uku kwezi kwa cumi, Yemane Ghebreab umuhanuzi wa perezida wa Eritrea yaraneguye iyo raporo avuga ko, ata n’ico abona yoyivugako, kuko biboneka neza kw’iyo ntumwa ya ONU ihengamye.

XS
SM
MD
LG