Uko wahagera

Perezida wa Venezuwela Mu Biganiro n'abo Batavugarumwe


Perezida Nicolas Maduro wa Venezuwela aramukanya n'abo batavugarumwe
Perezida Nicolas Maduro wa Venezuwela aramukanya n'abo batavugarumwe

Ku ncuro ya mbere mu myaka ibiri, umukuru w’igihugu ca Venezuwela Nicolas Maduro n’abanyepolitike bamushigikiye, bagiranye inama n’imigwi itavuga rumwe nabo, mu ntumbero yo guhagarika indyane za politike ziri mu gihugu.

Ahanini abatavuga rumwe na perezida Maduro basaba ko umugambi wahagaritswe wo kugira itora rya referendum usubira gushirwa mu ngiro. Iryo tora rishobora gutuma perezida Maduro akugwa k’ubutugetsi. Abantu ibihumbi n’ibihumbi bihaye amabarabara mu misi yahera basaba kw’iryo tora riba.

Ku musi w’Imana imbere y’abamenyeshamakuru mpuzamakungu, perezida Maduro yaganiriye n’abarongoye imigwi itavuga rumwe nawe. Muribo harimwo Jesus Torrealba umunyamabanga mukuru w’urunani rw’abademokrate bunze ubumwe na Henri Falcon umwe muri ba buramatari batavuga rumwe nawe.

Abayobozi b’imigwi itavuga rumwe na reta ya Maduro bitavye ivyo biganiro, bagabishije ko bataronse ivyo basaba vuba bwango, batazosubira kwitaba ayandi manama.

XS
SM
MD
LG