Uko wahagera

Umushikiranganji wa Mbere wa Serbiya Yahungishijwe


Umushikiranganji wa mbere wa Serbiya, Aleksandar Vucic

Umushikiranganji wa mbere wa Serbiya, Aleksandar Vucic

Igipolisi ca Serbiya carahungishije mu kindi kibanza umushikiranganji wa mbere Aleksandar Vucic n’umuryango wiwe k’umusi wa gatandatu inyuma y’aho kiboneye inkoho nyinshi zinyegejwe hafi y’inzu yabo iri hanze y’umurwa mukuru Belgrade.

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mugihugu Nebojsa Stefanovic yatangaje ko ivyo birwanisho vyari bigizwe n’inkoho nini, irokete, amasasu hamwe n’amagerenade atezwa intoke.

Nta makuru y’uwurahagarikwa aratangazwa, igipolisi kikaba kiri mu matohoza.
Mu mwaka w’2003, umushikiranganji wa mbere w'ico gihe, Zoran Djindjic yarishwe arashwe n’umuntu yiyadukije aho yari k’umurwa mukuru Belgrade.

Djindjic yari umushikiranganji wa mbere yatowe biciye muri demokarasi muri Serbiya kuva mu mwaka w’2000 Slobodan Milosevic, akuriwe k’ubutegetsi, mu nyuma apfira mw’ibohero amaze kwagirizwa ivyaha vyo mu ntambara.

XS
SM
MD
LG