Uko wahagera

USA: Imiryango y'Abakora Mu Buserukizi i Istanbul Yategetswe Gutaha


Inyubakwa y'Ubuserukizi bw'Amerika i Istanbul muri Turukiya.
Inyubakwa y'Ubuserukizi bw'Amerika i Istanbul muri Turukiya.

Leta zunze ubumwe z’Amerika yategetse imiryango y’abakozi bayo bakora mu buserukizi bw’Amerika buri mu gisagara ca Istanbul muri Turukiya kuvayo kumvo z’umutekano.

Iryo tegeko ryasohowe na deparotema ya reta y’Amerika kur’uyu wa gatandatu, bivanye n’amakuru ava mw’ipepereza avuga ko imihari y’iterabwoba iriko irategura ibitero kubanyamerika baba I Istanbul.

Abategetsi b’Amerika batangaje ko ubuserukizi bwayo buzoguma bukora kandi n’abakozi bazoguma ku mirimo.

Iyo ngingo yerekeye igisagara ca Istanbul gusa, ibaye ingingo igize kabiri ifashwe n’Amerika mur’iyi ndwi irangiye, inyuma y’aho kuwa mbere Amerika igabishije abafata ingendo muri Turukiya kwiyubara.

XS
SM
MD
LG