Uko wahagera

Abasirikare ba Somaliya Barasanye


Abategetsi ba Somaliya batangaje ko abasirikare bashika batatu ba reta bapfuye abandi batari bake barakomereka inyuma y’aho inteko za reta zitaniye mu mitwe mu gisagara ca Baidoa kiri mu bumanuko bwa Somaliya,

Amakuru Ijwi ry’Amerika ryashoboye kuronka n’uko ukwo gutana mu mitwe kwadutse mu gitondo co kuwa gatandatu igihe imirwi ibiri y’abasirikare isubiranyemwo bapfa abakandida babiri bariko bahiganirwa ikibanza mu nama nshingamateka.

Abakurikirana ibibera mur’ico gihugu bavuga ko impari nk’izo zishobora gusubira kwaduka mu bihe vy’imyiteguro y’amatora, kandi hashobora kuba ukundi gutana mu mitwe hagati y’abashigikiye abakandida batavugarumwe.

Kuva mu mwaka w’1991, Perezida Siad Barre akuwe k’ubutegetsi, Somaliya nticigeze kigira reta ishobora gushira igihugu ku murongo neza.

XS
SM
MD
LG