Uko wahagera

Ibiro FBI vyasubiye Kwugurura Itohoza kuri Hillary Clinton


Umuyobozi w'ibiro F-B-I

Umuyobozi w'ibiro F-B-I

Ivyemezo bishasha vyatumye ibiro bijejwe gukwirikirana inkozi z’ikibi, FBI, bisubira kwugurura itohoza rishasha ku mukandida w’umudemokrate, Hillary Clinton. Bisa nuko iryo tohoza rifatiye kuri dosiye yerekeye Anthony Weiner, yahoze ari umushingamateka ava muri Reta ya New York, yubakanye n’umwe mu bafasha biwe, Huma Abedin.

Amakuru atangwa na Reta yamenyesheje, ku musi wa gatanu, kw’ibiro bijejwe gukwirikirana inkozi z’ikibi vya Amerika, FBI, vyatoye ubutumwa bushasha bwa email bwa Reta buri, mu bubiko bw’ama email bwa Hillary Clinton bwo ku giti ciwe, inyuma yuko ivyo biro bifashe bimwe mu bintu vya Uma Abedin, na Anthony Weiner.

Ivyatangajwe n’ibiro FBI, ku musi wa gatanu vyaje giturumbuka.

Bisa nuko itohoza ryari ryabaye mu ntango, ku kugene Hillary Clinton, yavyifashemwo mu vyerekeye ubutuma bwa email bwa Reta, igihe yari umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, ririko riraguka, nkuko bitangazwa n’umuyobozi w’ibiro FBI.

Amakuru atangwa na Reta avuga kw’ubutumwa bushasha bwa email bwagiye ahabona, igihe abakozi b’ibiro FBI bihweza bimwe mu bintu vyakoreshejwe na Anthony Weiner, n’umupfasini wiwe Uma Abedin, bifatiye kw’itohoza kuri Weiner ryerekeye uguhanahana amakuru Weiner, yagiranye ku rubuga rwa internet, w’umwanya w’umukobwa w’imyaka cumi n’itanu, aturuka muri Reta ya Carolina yo mu buraruko.

Hillary Clinton, yarabandanije ukwiyamamaza kwiwe, ku musi wa gatanu. Nta na kimwe yavuze ku vyatangajwe n’ibiro FBI.

XS
SM
MD
LG