Uko wahagera

Filipine: Prezida Duterte Yemereye Imana Kudasubira Gutukana


Perezida wa Philippine Rodrigo Duterte ariko yishura ku bibazo vy'abamenyeshamakuru avuye mu Buyapani
Perezida wa Philippine Rodrigo Duterte ariko yishura ku bibazo vy'abamenyeshamakuru avuye mu Buyapani

Prezida w’igihugu ca Filipine, Rodrigo Duterte, yatangaje ko atazosubira gukoresha imvugo itisoneye, inyuma yuko avuganye n’Imana.

Duterte, yatangaje, ku muhingamo wo ku musi wa kane, mu gisagara avukamwo ca Davao, mu bumanuko bw’igihugu, kw’Imana yamuvugishije ari mu ndege, igihe aherutse gutahuka avuye mu rugendo mu gihugu c’Ubuyapani.

Yatangaje kw’abantu bari iruhande yiwe muri iyo ndege, bose bari basinziriye, igihe yumva ijwi rivuga ko mu gihe atohagarika gukoresha imvugo itisoneye azovuma indege arimwo mu kuyikorora.

Prezida Duterte, amenyesha ko yabajije uwo muntu uwariwe. Avugako iryo jwi ryishuye kw’ari Imana.

Prezida Duterte, avuga ko yamereye Imana ko azohagarika imvugo akoresha itisoneye. Amenyesha ko umuhango yahaye Imana ari umuhango ku Banyafilipine.

Duterte, yarakoresheje amajambo atukana, igihe yavuga ku basinzikajwe n’ibiyayura umutwe n’ababicuruza. Yise abategetsi bo mu makungu nka Papa Fransisiko na prezida wa Reta Zunze Ubumwe z'Amerika, Barack Obama “abana bavyawe n’imalaya”. Yongeye abwira prezida Obama, “kuja mu muriro udahera”.

XS
SM
MD
LG