Uko wahagera

Amerika Iranegura Ifutwa ry'Amashirahamwe mu Burundi


John Kirby avugira Deparitoma ya Leta ya Leta zunze ubumzw z'Amerika

John Kirby avugira Deparitoma ya Leta ya Leta zunze ubumzw z'Amerika

Leta zunze ubumwe z’Amerika itangaza ko itewe amakenga n’ingingo yafashwe na reta y’Uburundi yo gufuta amashirahamwe atanu adaharanira inyungu za politike hamwe n’ihagarikwa ivy’agateganyo ayandi atanu akorera mu bisata vy’agateka kazina muntu, gukurikirana amatora no kurwanya ibiturire.

Mw’itangazo ryashikirijwe na deparitoma ya reta kur’uyu wa kane, Amerika imenyesha ko rimwe mur’ayo mashirahamwe yahagaritswe ivy’agateganyo yagize uruhara rukomeye mu guharanira uburenganzira bw’abarundi bose.

Amerika irangiza isaba Uburundi gusubira kur’iyo ngingo yafashe no kuja mu biganiro vyubaka birongowe n’umuryango w’ibihugu vy’Afrika y’Ubuseruko n'umuhuza Benjamin Mkapa yahoze arongoye Tanzaniya.

XS
SM
MD
LG